Taylor swift yahize ibindi byamamare mu kwinjiza agatubutse Lionel Messi ahiga Ronaldo na Neymar

Kuva muri Kamena 2018 kugeza kamena 2019 bigaragara ko umuhanzi w’umunyamerika Taylor Swift ariwe winjije menshi akabakaba miliyoni 185 nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru cy’ubukungu Forbes ku rutonde cyasohoye kuri uyu wa kane.

Aya ma miliyoni y’amadolari Taylor Swift yayinjije biciye mu kwamamaza, kugurisha imizingo  y’indirimbo ze n’ibindi bikorwa bifite aho bihurira na muzika ye.

Taylor Swift akurikiwe na Kylie Jenner nawe winjije miliyoni 170 muri uyu mwaka, abakinnyi b’umupira w’amaguru ku mugabane w’uburayi bagaragara mu 10 bambere kuri uru rutonde ni batatu bayobowe na Lionel Messi wa Fc Barcelona uri ku mwanya wa 4 akurikiwe na Cristiano Ronaldo wa Juventus ndetse na Neymar wa Paris Saint Germain.

Lionel Messi hagati ya 2018 na 2019 yinjije akayabo kamiliyoni 127 z’amadolari aza ku mwanya wa 4 mu gihe Cristiano Ronaldo wa gatandatu ku rutonde yinjije miliyoni 109 na Neymar winjije miliyoni 105 ari ku mwanya wa 7 mu byamare byinjije agatubutse.

Usibye ibi byamamre mu mupira w’amaguru biri kuri uru rutonde na Jay Z wari warigaruriye uru rutonde mu myaka ishize kuri ubu ari ku mwanya wa 20 mu gihe P Diddy nawe waruyoboye igihe kirekire ari ku mwanya wa 28.

uko 10 bambere bakurikirana.

Taylor Swift : 180$

Kylie Jenner : 175$

Kanye West : 150$

Lionel Messi : 127$

Edd Sheran : 110$

Cristiano Ronaldo : 109$

Neymar : 105$

The Eagle : 100$

Dr. Phil McGraw: 95$

Canero Alvarez : 94$

 

Kwirakwiza

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *